Ikigo kijejewe gucunga Ibiza (FEMA) kiratanga imfashanyo irenze gusanura

Release Date:
August 2, 2023

Ba nyene n'abapanga amazu baba muri Vermont mu micungararo ya Caledonia, Chittenden, Lamoille, Orange, Orleans, Rutland, Washington, Windham na Windsor basinzikajwe imiyaga ikabije, n’ibihuhusi, umwuzure gusiduka kw’imisozi no gusenyuka kw’ivyondo vyabaye guhera kw'igenekerezo rya 7 Mukakaro 2023, no  kubandanya bagenewe imfashanyo y’Ikigega  FEMA igenewe ivyo umuntu afise ku igiti ciwe vyononekaye hamwe n'ibindi bikenera amafaranga bikwije ibisabwa.

Porograma y’imfashanyo y’umuntu ku giti ciwe n’imfashanyo igenewe imiryango

Porogarama y’Ikigo FEMA y’imfashanyo igenewe umuntu ku giti ciwe n’imfashanyo igenewe imiryango (IHP) irafasha abantu n'imiryango y'abantu n'imiryango ikwije ibisabwa bafise ibintu vya ngombwa bikenera amahera hamwe n'ivyo bakeneye cane bivuye ku bihuhusi vyabaye mu kwezi kwa Mukakaro, imyuzure, gusiduka kw’imisozi no gusegenyuka kw’ivyondo. Ivyo birimwo n'imfashanyo irenze iyo gusanura.

Igitigiri n'ubwoko bw’imfashanyo bivana n’ivyo usabwa kuriha, kandi bishobora kuba birimwo:

  • Imfashanyo y'ivy'ubuvuzi n'iy'ubuvuzi bw’amenyo
  • Imfashanyo yo kwitwararika abana
  • Imfashanyo ku bintu bitandukanye
  • Imfashanyo mu vyo kwimura no kubika ibintu
  • Imfashanyo mu bijanye n'amaziko

Ubundi bwoko bw'imfashanyo burashobora gutangwa gusa mu gihe uwusavye ingurane y'ibiza asavye mu Kigo ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika kijejwe ivy'uburongozi bw’ubudandaji buto buto (Small Business Administration, SBA), kandi akaba adakwije ibisabwa. Guheza kwuzuza usaba ntibisobanura ko utegerezwa kwemera ingurane. Imfashanyo y'inyongera ishobora kuboneka irimwo:

  • Imfashanyo y'ibintu vy'umuntu
  • Imfashanyo yo gutwara abantu
  • Politiki y'ubwishingizi bw'umurwi mu gihe c'umwuzure (GFIP)

Baza umuhinga wa FEMA kugira umenye vyinshi. Abahinga ba FEMA urashobora kubaterefona kuri 800-621-3362 canke ukabaraba imbonankubone ku Bigo bijejwe gufasha abashikiwe n'ibiza. Kugira ngo umenye ikigo ca hafi, ja kuri   fema.gov/drc.

Ibisabwa muri porogarama rusangi

Muri rusangi, abasaba bategerezwa kuba bakwije ibi bikurikira:

  • Wewe canke umuntu ubana nawe ari umwenegihugu wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, umuntu atari umwenegihugu, canke umunyamahanga ukwije ibitegekanijwe.
  • Ikigo FEMA cemeza ko ukwije ibisabwa.
  • Utegerezwa kwemeza ko uri nyene inzu kugira ngo ushobore kuronka imfashanyo yo gusanura no gusubiriza inzu.
  • Inzu yawe nyamukuru iri mu karere kagaragajwe ko karimwo ibiza kandi ntikibereye kubamwo canke ngo umuntu ashobore kuhagera.
  • Urashobora kuba udafise asiransi, canke ukaba warasavye kwishurirwa na asiransi ariko ikaba itishura ivyononekaye vyose.

Gusaba Imfashanyo y’Ikigo FEMA

Urashobora gusaba imfashanyo kuri DisasterAssistance.gov, ugashira muri terefone iporogarama ya FEMA (FEMA mobile app), canke ugahamagara umurongo w'ubutabazi ku buntu kuri 800-621-3362. Ubuhinduzi mu ndimi burakorwa. Nimba ukoresha serivisi yo guhanahana amakuru nka serivisi yo guhanahana amakuru biciye ku mashusho (VRS), serivisi yo guhanahana amakuru biciye kuri telefone canke izindi, nuhe FEMA inomero y'iyo serivisi igihe uriko urasaba.

Ushaka kuraba ividewo yerekana ingene wosaba imfashanyo, ja kuri FEMA Accessible: Three Ways to Register for FEMA Disaster Assistance - YouTube.

Mu makuru agezweko ja kuri fema.gov/disaster/4720. Kurikira urubuga rwa Twitter “The FEMA Region 1” kuri Twitter twitter.com/FEMARegion1canke ku rubuga rwa Facebook kuri  facebook.com/FEMA.

Kugira mumenye amakuru agezweho yerekeye ibikorwa vyo gutabara no kugarura ubuzima mu ntara ya Vermont, kurikira Ikigo kijejewe gucunga Ibiza ca Vermont twitter.com/vemvt kuri  Twitter na Facebook facebook.com/VermontEmergencyManagement

FEMA is committed to ensuring disaster assistance is accomplished equitably, without discrimination on the grounds of race, color, religion, nationality, sex, age, disability, English proficiency, or economic status.  Any disaster survivor or member of the public may contact the FEMA Civil Rights Office if they feel that they are the victim of discrimination. FEMA’s Civil Rights Office can be contacted toll-free at 833-285-7448. Multilingual operators are available.

FEMA yiyemeje gukora ibishoboka vyose kugira ngo imfashanyo ihabwa abashikiwe n'ivyago irangurwe mu buryo burimwo ubutungane, hatagira ivangura rishingiye ku bwoko, ibara ry'urukoba, idini, ubwenegihugu, igitsina, imyaka, ubumuga, ubumenyi bw'icongereza canke ubutunzi. Umuntu wese yarokotse ibiza canke uwo ari we wese mu banyagihugu arashobora guhamagara Ibiro vya FEMA bijejwe agateka ka zina muntu mu gihe yiyumvamwo ko yarenganijwe. Ibiro vya FEMA bijejwe agateka ka zina muntu guhamagarwa ku buntu kuri 833-285-7448. Abakozi bavuga indimi nyinshi barahari.

Tags:
Last updated