BURLINGTON, VT – Abantu baba muri Vermont basavye ubufasha bwa FEMA inyuma y'ibihuhusi n'imyuzurira bikomeye, kuva kuwa 7 Mukakaro, 2023 bazoronka ikete ririmwo ingingo FEMA yafashe. Rishobora kuvuga ko utari mu bagenewe ubufasha, ariko ntibisigura ko bakwankiye.
Ni ngombwa gusoma iryo kete witonze kuko rizoba ririmwo agaciro k'imfashanyo FEMA ishobora gutanga n'amakuru ajanye no gukoresha neza amafaranga yo gufasha mu gihe c'ibiza. Iryo kete rizosigura kandi aho ivyo wasavye bigeze kandi iguhanure ico usabwa gukora kugira ngo usabe isubirwamwo ry'ingingo itari nziza kuri wewe.
Kenshi na kenshi, ukeneye gusa kurungika ibindi vya ngombwa canke ibipapuro vyo gushigikira ivyo usaba kugira FEMA ibandanye isubiramwo kwihweza ugusaba amahera y'imfashanyo wasavye. Uturorero tw'ibipapuro bibura dushobora kubamwo:
- Icemeza ko ufise asiranse
- Ikete ryo gushumbusha canke iryo kwanka gushumbusha rya asiranse
- Icemeza uwo uriwe
- Icemeza aho uba
- Icemeza ko uri nyeneho
- Icemeza ko inzu yononekaye yari uburaro nyamukuru bw'uwasavye ubufasha mu gihe c'impanuka.
Niba ufise ikibazo cerekeye ikete ryawe, hamagara Umurongo w'Ubufasha mu Bihe vy'Ikiza 800‑621‑3362. Abahinga barahari imisi indwi ku ndwi, imisi 365 ku mwaka, hamwe na seruvise zo guhindura ururimi zirahari. Niba ukoresha seruvise yo gufasha guhamagara nka Seruvise ya Video (VRS), seruvisi ya terefone yerekana ivyandiko canke izindi, hereza FEMA nomero yawe kuri iyo seruvise mu gihe uriko urasaba ubufasha.
Gusaba isubirwamwo ry'ingingo ya FEMA
Mu mategeko, FEMA ntishobora kuguha imfashanyo mugihe hariho izindi nkomoko - asiranse, guterereza abantu canke imfashanyo z'amahera zitangwa ninzego zikorera ubushake - zakurihiye ku bijanye n'ivyankenerwa bijanye n'iki kiza nyene. Muyandi majambo, FEMA ntishobora kurihira isanurwa ry'inzu niba umaze guhabwa amahera n'ishirahamwe rya asiranse kuri iryo sanurwa nyene.
Ariko, abadafise asiranse ikwiye barashobora kuronka ubufasha kubikenewe bitashoboye gukorwa inyuma y'indishi ya asiranse. n'ubwo FEMA ishobora gufasha mu bikenewe vyambere, ntabwo itanga ubufasha bwo kuriha amahera asiranse itakurihira.
Gusaba isubirwamwo ry'ingingo, bibwirizwa gukorwa mu nyandikomw'ikete ririko umukono n'itariki, risigura imvo zo gusaba isubirwamwo ry'ingingo. Habwirizwa kandi kuba harimwo:
- Izina ryose ry'uwusaba
- Nomero y'impanuka (DR-4720 -VT)
- Aderese y'uburaro nyamukuru imbere y'ikiza
- Nomero ya terefone na aderese y'uwusaba ubufasha
- Nomero yo gusaba ubufasha igizwe n'ibiharuro icenda ku bipapuro vyose
Niba hari uwundi muntu atari uwasavye ubufasha canke uwo bafatanije kwandika ikete ryo gusaba isubirwamwo ry'ingingo, uwo muntu abwirizwa kurisinya kandi agaha FEMA urwandiko yashizeko umukono rwemerera umuntu gukora mu izina ry'uwusaba ubufasha.
Ugusaba isubirwamwo ry'ingingo bibwirizwa gushirwako ikidodo mu minsi 60 uhereye kw'itariki riri kw'ikete waronse ririmwo ingingo ya FEMA. Ikete ryo gusaba isubirwamwo ry'ingingo hamwe n'bipapuro bishigikira ivyo usaba bishobora gushirwa kuri konte yawe bwite ya FEMA ku ngurukanabumenyi. Kugira wugurure konte, ja kuri DisasterAssistance.gov ukurikize insiguro uhabwa.
Ubundi buryo bwo kurungika ibipapuro burimwo:
Ikete: FEMA National Processing Service Center, P.O. Box 10055, Hyattsville MD 20782-7055
Fax: 800-827-8112 Attention: FEMA
Ireresi ry'ururimi rw'ibimenyetso rw'Abanyamerika ku buryo bwo gusaba, ja kuri: www.youtube.com/watch?v=M1a6lYO5hgY
Mukaba mwipfuza kuronka amakuru mashasha ku gutabara muri Vermont inyuma y'ibihuhusi bihamwe n'imyuzurira ikomeye, raba kuri FEMA.gov/Disaster/4720. Urashobora kandi gukurikirana facebook.com/FEMA.