Dfashanije na Reta hamwe n'abo basanzwe bafashanya mu gihugu hagati, tugiye guhagarika burundu ibikorwa vy'ikigo kijejwe gutabara (DRC) mu gisagara ca Island Pond igihe c'isaha cumi na zibiri z'umugoroba ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 12 Gitugutu 2024.
Iki kigo gushka ubu kiracabandanya ibikorwa kuva isaha zitatu z'igitondo gushika isaha cumi na zibiri z'umugoroba. Kuva ku wa mbere gushika ku wa gatandatu uhereye:
- Brighton Town Hall Gym - 49 Mill Street, Island Pond, VT 05846
Ibikorwa vyo kwugara ivyo bigo vy'imfatakibanza bihagarariwe Reta hamwe n'abo basanzwe bafashanya bari mu gihugu muri rusangi bafatiye ku bitigiri vy'abitura ivyo bigo hamwe n'ivyo abanyagihugu bakeneye.
Ikindi kigo gishasha kijejwe gutabara mu gisagara ca Newport bitegekanijwe ko kizokwugururwa ku musi wa gatatu igenekerezo rya 16 Gitugutu 2024. Bimaze kuja mu ngiro igenekerezo rya 16 Gitugutu, iki kigo gishasha kizokwugururwa kuva isaha zitatu z'igitondo gushika isaha cumi na zibiri z'umugoroba. Kuva ku wa mbere gushika ku wa gatandatu:
- Ibiro vy'igisagara ca Newport (Newport City Municipal Building) - 222 Main Street, Newport, VT 05855
Akaruhuko katanzwe na Reta
Ikigo kijejwe gutabara mu gihe c'ibiza mu ntara ya Vermont kizokwugarwa ku wa mbere igenekerezo rya 14 Gitugutu mu guhimbaza umusi wahariwe abasangwabutaka n'i Columbus. Bazosubira kwugurura kuwa kabiri igenekerezo rya 15 Gitugutu kuri ya masaha nk'uko bisanzwe.
Abanyagihugu bo muri Vermont bababajwe n'ibihuhusi vyompi vyo mu kwezi kw'indwi, barashobora kugendera ikigo kijejwe gutabara ibiza kugira ngo baronke imfashanyo y'umuntu ku muntu ku muntu n'ikigo ca FEMA hamwe n'ikigo ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika kijejwe ubuzi bubayabaye. Mu gihe ugomba kwitura ibindi bigo bigezweho biri mu bindi bibanza, injira ku rubuga fema.gov/drc.
Hari n'izindi nzira 3 zogufasha utarinze gushika ku kigo:
- Ja ku rubuga:DisasterAssistance.gov.
- Hamagara FEMA kuri 800-621-3362.
- Dawunirodinga apurikasiyo yo muri terefone ya FEMA.