Impanuka zituma abagizi ba nabi bikika mu kiza mu gusahura abahuye n'impanuka basa nk'aboroshe guhenda.
Abahuye n'impanuka bomenya ko forode n'ibiwani bishobora gushika igihe icarico cose. FEMA ihamagarira abahuye n'impanuka kuguma barikanuye bakanamenyesha igihe cose habonetse ibikorwa biteye amakenga vy'abapfungakiwani n'abasuma bakoresha amayeri, abasuma b'ibiranga umuntu be n'abandi bagizi ba nabi.
Uwariwe wese yiketse forode canke ikiwani asabwe guhamagara Umurongo wa FEMA wo Gutanga Ubufasha kuri 866-720-5721, Ubutumwa bwa TTY hamagara 711. Nomero yo guhamagara kuri gusa iruguruye amasaha 24 ku musi.
Mu mayeri akunze gukoreshwa n'abapfungakiwani harimwo abantu bahamagara na telefone bavuga ko ari abakozi ba FEMA. Abo bantu bashobora guhamagara basaba nomero y'uguteganiriza (Social Security number), ivyerekeye amahera mwinjiza canke ivyerekeye banki.
Abahuye n'impanuka basabwe kutizera uwariwe wese avuga ko ari umukozi ajejwe gutanga ubufasha mu bihe vy'impanuka asaba amahera. FEMA ntishigikiye abadandaza, ibidandazwa canke seruvise, n'abakozi batanga ubufasha bo mu karere n'aba Leta basaba canke bakakira amahera.
Ubufasha butangwa mu gihe c'impanuka burahari kandi ntibuvangura amoko, urukoba, igitsina (harimwo agahahazo gafatiye ku gitsina), igitsina umuntu akunda, idini, ubwenegihugu, imyaka, ubumuga, ukutavuga Icongereza neza canke ubutunzi. Nimba wibaza ko agateka kawe kariko karahonyangwa, urashobora guhamagara Abajejwe Agateka ka Muntu (Civil Rights Resource) kuri 833-285-7448.
Amakuru mashasha kuri fema.gov/disaster/4720. Kurikirana konte ya FEMA Region 1 kuri Twitter twitter.com/FEMARegion1 canke urubuga rwa FEMA kuri Facebook facebook.com/FEMA.
Mukaba mwipfuza kumenya ibishasha ku bufasha mu bihe vy'impanuka muri Vermont, kurikirana Vermont Emergency Management Agency twitter.com/vemvt kuri Twitter hamwe na Facebook facebook.com/vermontemergencymanagement.