IMIGWI YA FEMA IJEJWE GUFASHA ABAROKOTSE IBIZA IRASHIGIKIYE IMIRYANGO YO MURI VERMONT. [https://www.fema.gov/rn/press-release/20230727/fema-disaster-survivor-assistance-crews-support-vermont-communities] Release Date: July 27, 2023 Imirwi ya FEMA y’ubufasha bw’abarokotse mu mpanuka bagiye guca kunzu kunzu mu miryango ya Vermont, barashobora kuzunguruka uburere bagafasha abahaba basinzikajwe n’imyuzure mu kwiyandikisha gusaba ubufasha bwa FEMA.  Abakozi b’umurwi DSA baratemberera imiryango, amashure, amashirahamwe adaharanira inyungu hamwe n’imiryango itagira amikoro. Barabonana kandi n’abarongoye uburere hamwe n’abarongoye imiryango kugira bamenye ibibazo bijanye n’impanuka hamwe n’ivyankenerwa bindi bitarashikirwa. Imirwi ya DSA irashobora gufasha abarokotse kwiyandikisha m’ubufasha,gushira ku gihe ibiberekeye no gufasha bisunze ibigo bindi vy’abagiraneza. Barashobora gutanga amahirwe ku basangwa gukoresha gukoresha terefone nyabwonko mu kwiyandikisha canke kwitanga mu kwinjiza ibiberekeye ku bwabo. Abakozi ba DSA ntibazigera basaba canke ngo bemere amafaranga.Abakozi ba DSA bambara ibaje iriko ifoto iranga Ikigo FEMA,ishati ya FEMA,ijaketi canke ikoti ya FEMA ntabwo ari ibiranga umukozi. Mu gihe co gufasha umuntu kwiyandikisha barashobora kumubaza ibimuranga ubwiwe,Harimwo n’inimero yo gutumatumanako amakuru mu kibano,amahera binjiza ku mwaka hamwe n’amakuru yo kuri banki. Abasangwa basabwa kwaka umwidondoro uwo wese yoza abasaba amakuru imbere yo kuyatanga.  Abantu bakozweko n’imyuzure muri Caledonia, Chittenden, Lamoille, Orange, Orleans, Rutland, Washington, Windham no mu micungararo ya Windsor ntibashobora kurindira umurwi wa DSA mu kwiyandikisha kugira baronke ubufasha. Mu kwiyandikisha, shiramwo FEMA Mobile App [https://www.fema.gov/about/news-multimedia/mobile-products?utm_source=news+release&utm_medium=email&utm_campaign=3.0_launch], ja kuri DisasterAssistance.gov [https://www.disasterassistance.gov/] canke uhamagare kuri 1-800-621-3362. Nimba ukoresha serevise yerekana amasanamu(VRS) ,serevise ya telefone yo kwandika amajambo canke izindi, ha Ikigo FEMA inomero yawe ukoresha kuri iyi serevise mu gihe uri gusaba. . FEMA yiyemeza guharanira ko ubufasha bw'abahuye n'ibiza bukorwa neza nta vangura rishingiye ku bwoko, ibara ry'urukoba, ubwenegihugu, igitsina, imyaka, ubumuga, ubumenyi bw'Icongereza, canke ingano y'ubukungu. Umuntu wese yarokotse ibiza canke umunyagihugu ashobora kwakura Urwego rw’ishirahamwe FEMA rujejwe uburenganzira bwa muntu iyo yumva ko yakorewe ivangura. Urwego rw’Ishirahamwe FEMA rujejwe uburenganzira bw’ikiremwa muntu rushobora guhamagarwa kuri telefone itishurwa kuri 833-285-7448. Abakira abantu mu ndimi nyinshi barahari.