Abanyagihugu ba Vermont bagizweko ingaruka n'ibihuhusi, imyuzure, ukunyerera kw'isi hamwe n'ibishanga, bafise ukwezi kumwe kugira basabe ubufasha bwa Leta, burimwo gufashwa gusana amazu na FEMA canke bagahabwa ingurane itangwa mu gihe c'ibiza ku nyungu ntoya n'ikigo ca Leta zunze Ubumwe za Amerika kiraba ubucuruzi butobuto. Italiki ya nyuma yo gusaba ubufasha ni talili 25 z'ukwa cumi na rimwe,2024
Ku Jbiza vyo muri Mukakaro italiki 9-11, abantu hamwe n'imiryango mu duce twavuzwe Addison, Caledonia, Chittenden, Essex, Lamoille, Orleans, hamwe na Washington bategerezwa kwandika basaba bakurikije igihe cagenywe.
Ku biza vyo muri Mukakaro italiki 29-31, abantu hamwe n'imiryangomu duce twavuzwe Caledonia, Essex, and Orleansnabonyene barasabwa kwandika basaba ubufasha mu gihe ca kare gishoboka.
Abanyagihugu bo muri Vermont bahuye n'igorane zosez'ibihuhusi vyo muri Mukakaro basabwe kumenyesha ivyabashikiye kimwe cose ukwaco.
Abarokotse hari ivyo batakaje canke ivyononekaye barashobora kwandika muri FEMA n'aho boba bataramenya ivyononekaye canke ngo bahabwe icegeranyo c'ibigo vy'ubwishingizi. Kugirango bahabwe agaciro, abantu bo mu bice vyagize ivyago bategerezwa kwiyandikisha muri FEMA kugira batangure izindi ntabwe zikurikira. FEMA izokorana n'abarokotse kugira yegeranye amakuru akenewe yofatirwako mu gutora ababikwiye.
“FEMA yiyemeje gukorana na Leta ya Amerika, ama leta, n'abandi bafatanyabikorwa mu gushigikira ugusubira mu buzima kwihuse n'ukwigihe kirekire kwa Vermont kandi imenyenye ko ababifitiye uburenganzira bose bahawe ubufasha, ” svyamenyeshejwe n'umuhuzabikorwa wa Leta Will Roy.
Kugeza ubu, ayarenga $10.2 miliyoni y'ubufasha bwa Leta aramaze kwemezwa ku barokotse imyuzure yo muri Mukakaro. Muri ayo harimwo:
- Imiliyoni $8.2 y'ubufasha bwa FEMA yemejwe ku 1,559 abantu n'imiryango. Aho harimwo gufasha kubona aho kuba mu gihe gito, gusanura izasambutse, amabarabara n'abantu ku giti cabo, n'ibindi vyankenerwa bijanye n'ibiza.
- Imiliyoni $2 in U. S. z'ikigega ca Leta zunze ubumwe za Amerika kiraba ubucuruzi butobuto zemejwe. Abantu ku giti cabo hanwe n'ibigo vy'ubucuruzi baremerewe kwandika basaba ingurane ku nyungu ntoyiitangwa mu gihe c'ibiza na SBA. Izo ngurane zifasha gukira vy'igihe kirekire, zigafasha abarokotse gusubira mu buzima bahoramwo imbere y'ibiza.
Ku boba bashaka kuvugana n'abahinga ba FEMA ivyerekeye uko bandika basaba canke bafise ibindi bibazo ku nyandiko zabo, bakaba bashaka kuvugana n'umuntu imbonankubone, Ibigo Bitatu vyo gufasha inyuma y'Ibiza birafunguye Vermont. Ushaka kumenya aho ibigo vya DRC mu gace uhereyemwo, hamagara www.fema.gov/drc.
Hari kandi Ubundi buryo butatu mu kwandikira FEMA:
- Ja ku rubuga: DisasterAssistance.gov.
- Hamagara umurongo ufasha wa FEMA kuri 1-800-621-3362. Imirongo ya terefone ikora kuva isaha 1 yo mugitondo gushika saa 4 z'ijoro (mu masaha y'aho uherereye), iminsi indwi mu ndwi. Ubufasha buraboneka mu ndimi nyinshi. Nimba ukoresha uburyo buhanahana amashusho (VRS), canke ukoresha uburyo bwa terefone, tanga numero yawe FEMA kugira uzoronke iyo serivisi. Kw'ireresi y'uko wokwandika usaba ubufasha ja kuri, youtube. com/watch? v= WZGpWI2RCNw.
- Dowunilodinga Apirikasiyo ngendanwa ya FEMA
Mu kwandika usaba kuri SBA:
- Andika ku buhinga ngurukanabumenyi uhabwe amakuru yisumbuye ku bufasha kuri sba. gov/disaster
- Hamagara ikigo gifasha abkiriya ca SBA kuri (800) 659-2955 kuva saa mbirizo mu gitondo kugeza saa mbiri z'ijoro kuva ku wa mbere kugeza kuwa gatanu canke urungike imeyili kuri disastercustomerservice@sba. gov ku yandi makuru.
- Ku bantu batumva, batumva, canke batavuga, muhamagare kuri 7-1-1 kugira muhabwe serivisi zibafasha guhanahana amakuru.
Muri Gitugutu italiki 15, 2024, vyaramenyeshejwe ko uburyo vyahariwe gufasha mu gihe c'ibiza bwa SBA bwamaze gukoreshwa bwose. Mu gihe harindiwe ko ubundi buryo bw'inyongera bwa SBA butangwa n'inama nshingamateka ya Leta, SBA yiyemeje kuguma ifata mu mugongo abarokotse ibiza. Inyandiko z'ubusabe zizobandanya kwemerwa no gusuzumwa kugira tumenye ko abantu hamwe n'ibigo vy'ubucuruzi biteguye guhabwa iyo mfashabyo mugihe uburyo buzoba bwabonetse.