Ikigo kijejwe gutabara mu gihe c'ibiza co mu gisagara ca Waterbury kigiye kurangiza ibikorwa igenekerezo rya 12 Gitugutu

Release Date Release Number
015
Release Date:
October 11, 2024

Mu nzira yo gufashanya na Leta hamwe n'abo dusanzwe dufashanya bari hgati mu gihugu, tugiye gusozera ibikorwa vy'ikigo cari kijejwe gutabara mu gihe c'ibiza (RDC) i Waterbury igihe c'isaha zitandatu z'ijoro ku wa gatandatu igenekerezo rya 12 Gitugutu 2024.

Iki kigo gushka ubu kiracabandanya ibikorwa kuva isaha zitatu z'igitondo gushika isaha cumi na zibiri z'umugoroba. Kuva ku wa mbere gushika ku wa gatandatu uhereye:

  • Waterbury Armory - 294 Armory Drive, Waterbury, VT 05676

Iyindi nzira ishoboka, abanyagihugu baba muri Vermont barashobora kwitura ibindi bigo bibiri bijejwe gutabarabisanzwe biriko birakora guhera isaha zitatu z'igitondo gushika isaha cumi na zibiri zo ku muhingamo guhera:

  • Ikigo ca Leta kijejwe umutekano c'i Lyndonville - 316 kw'ibarabara rikuru (Main Street), Lyndon, VT 05851
  • Hinesburg Town Hall - 10632 Route 116, Hinesburg, VT 05461

Iyugarwa ry'ivyo bigo mu buryo bw'imfatakibanza rihagarikiwe na Reta hamwe n'abobafashanya bari mu gihugu muri rusangi bafatiye ku bitigiri vy'abavyitura hamwe n'ivyo abanyagihugu bakeneye.

Akaruhuko katanzwe na Reta

Ikigo kijejwe gutabara mu gihe c'ibiza mu ntara ya Vermont kizokwugarwa ku wa mbere igenekerezo rya 14 Gitugutu mu guhimbaza umusi wahariwe abasangwabutaka n'i Columbus. Bazosubira kwugurura kuwa kabiri igenekerezo rya 15 Gitugutu kuri ya masaha nk'uko bisanzwe.

  1. Abanyagihugu bo muri Vermont bababajwe n'ibihuhusi vyompi vyo mu kwezi kw'indwi, barashobora kugendera ikigo kijejwe gutabara ibiza kugira ngo baronke imfashanyo y'umuntu ku muntu ku muntu n'ikigo ca FEMA hamwe n'ikigo ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika kijejwe ubuzi bubayabaye. Mu gihe ugomba kwitura ibindi bigo bigezweho biri mu bindi bibanza, injira ku rubuga fema.gov/drc.
  2. Hari n'izindi nzira 3 zogufasha utarinze gushika ku kigo: 
Tags:
Last updated