Ikigo kijejwe gucunga ibiza (FEMA) kiriko kirondera abakozi i Vermont

Release Date Release Number
018
Release Date:
August 5, 2023

Ikigo FEMA, gifadikanije n'intara ya Vermont, kiriko kirondera abakozi  b’abanyagihugu bo muri iyo ntara mu ntumbero yo gufasha mu gusubirana inyuma y’imyuzure, ibihuhusi, gusiduka kw’imisozi n'ugusegenyuka kw’ivyondo vyabaye mu kwezi kwa Mukakaro.

Iryo shirahamwe rifise ibibanza vyinshi vy'akazi k'igihe gito, k'igihe cose, gakorerwa mu biro vy'imfatakibanza vya FEMA biri mu turere tuhakikuje. Ivyo bibanza vy’igihe gito ni ivy'imisi 120, ariko birashobora kwongerwa bivanye n'ingene ibiza bimeze. Harashobora kuboneka ibindi bibanza.

Gukorana n'ikigo FEMA bizotuma ababa muri Vermont bafasha ababanyi babo gusubirana. Gutanga akazi ku banyagihugu baba muri iyo micungararo ni kimwe mu vyo FEMA yiyemeje gukorera abanyagihugu. Kurondera abakozi bo muri iyo micungararo birafasha kwubaka urwego rwa Amerika rujejwe gufasha mu gihe c’ibiza: benshi mu bakozi ba FEMA ubu batanguye nk'abakozi bakora akazi k’igihe gito inyuma y'ibiza bikomeye vyabaye mu ntara zabo.

Ushaka kumenya vyinshi no gusaba akazi, fyonda ngaha: USAJobs - Search. Canke ja kuri USAJobs.gov, hanyuma ushakishe  “FEMA”  ukoresheje “amajambo nyamukuru”  na  “ Vermont”  uciye ahanditse  “Ikibanza(location)”

Imirongo yerekana ibibanza vy'akazi bihari ubu iri hasi: 

Igikorwa cose kizorangira ku musi wa nyuma canke isaha 11:59 z'ijoro ku masaha y'ubuseruko bwa Amerika, ku munsi w'iherezo ry'umwanya wo gusaba akazi, bivanye n'icoshika ubwa mbere. 

Mu bibanza bimwebimwe vyoshobora kuba ngombwa ko umuntu aja n’umuduga mu bibanza vyasinzikajwe n’ibiza . Utegerezwa kuba uri umwenegihugu wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ufise imyaka 18 canke irenga, kandi ukaba ufise urupapuro rw'umutsindo rw'ishure ryisumbuye canke GED kugira ngo wandikishe.

FEMA yiyemeje gukoresha abakozi bashoboye cane kandi berekana ko igihugu cacu kirimwo abantu batandukanye. Abasaba bose bazokwihwezwa ata kuraba ubwoko, ibara ry'urukoba, idini, ubwenegihugu, igitsina, imyaka, ubumuga, ubumenyi bw'icongereza, canke ukuntu ubutunzi bwabo bwifashe. Leta zunze ubumwe za Amerika ni nk'umukoresha uharanira uburinganire mu gutanga akazi. 

Kugira umenye amakuru mashasha yerekeye imfashanyo ya Vermont, ja kuri fema.gov/disaster/4720. Kurikira urubuga rwa Twitter FEMA Region 1 kuri twitter.com/FEMARegion1 canke ku rubuga rwa Facebook kuri facebook.com/FEMA.

Kurikira ikigo kijejewe ubufasha bw’ibiza ca Vermont kuri Twitter kuri  twitter.com/vemvt  no kuri Facebook kuri facebook.com/VermontEmergencyManagement.

Tags:
Last updated