WillISTON, VT - Imfashanyo ya Reta ubu irahari kugira ngo ifashe abantu bafise amazu canke imitungo yabo vyononekaye kubera imiyaga ikabije, umwuzure, kugwa kw’imisozi n'ibihuhusi vyabaye mu micungararo indwi: Caledonia, Chittenden, Lamoille, Orange, Orleans, Rutland, Washington, Windham na Windsor.
Ikigo FEMA ni ishirahamwe, riha abarokotse uburyo bwinshi bwo gusaba ubufasha no gukorana n’abaserukira FEMA ku bibazo vyabo.
Uburyo bwo gusaba:
Gusaba ubufasha bw’ibiza, abarokotse barashobora:
- Kuja ku rubuga ibiza.gov ;
- Manura muri telefone ngendanwa iporogaramu ya FEMA mu bubiko bwa Apple App cyangwa Google Play Store;
- Telefone kuri nimero itishurwa y’Ishirahamwe FEMA kuri 800-621-3362, yugurra 7h00 kugeza 11h00, isaha yo muri Amerika y'ubuseruko kandi gusigura ururimi birakorwa. Niwaba ukoresha serevise yerekana amasanamu (VRS), Serevise ya Telefone yo kwandika ubutumwa canke izindi, ha ishirahamwe rishinzwe imicungire y'ibiza (FEMA) inomero yawe ijanye n’iyo serevise mu gihe usaba; canke
- Ja ku Kigo kijejwe imicungire y’ibiza na FEMA wivuganire n’ubijejwe imbonankubone, ikigo kijejewe ubufasha bw’ubudandaji, igihe bariko barabagenderera mu gace utuyemwo no ku Kigokijejwe ibintu byinshi kiri mu micungararo yagiizweho ingaruka.
Ibigo bijejwe gucunga ibiza (DRC)
Ibigo bijejwe gucunga ibiza biratanga ubufasha bw’umuntu ku giti ciwe na ba nyene ubudandaji butoya. Abahinga bavuye mu Kigo FEMA, mu Burongozi bwa Amerika bujejwe ubudandaji butoya (SBA), hamwe n’ibindi bintu vy’inyongera birahari kugira bifashe abarokotse.
- Ibigo bibiri byo gufasha birafunguye mu micungararo ya Rutland na Washington. Biri:
- ASA Bloomer Building, 88 Merchants Row, Rutland, VT 05701
- Amashanyarazi ya Waterbury, 294 Intwaro yintwaro, Waterbury, VT 05676
- Waterbury Armory, 294 Armory Drive, Waterbury, VT 05676
- Barre Auditorium, 16 Auditorium Hill, Barre, VT 05641
- Flood Brook School, 91 Vermont – 11, Londonderry, VT 05148
Ahandi hantu hiyongera hazamenyeshwa uko hatangura gukora. Ahantu hari Ikigo co gufasha n'amasaha y'akazi murashobora ku biraba ngaha DRC Locator (fema.gov/ drc ) .
Ibigo birashobora:
- Gutanga ubufasha mu ntumbero yo kuzuza igikorwa co gusaba;
- Gushiramwo amakuru mashasha y’umuntu yarokotse ukeneye gufashwa;
- Gufasha gutanga izindi nyandiko mu Kigo FEMA;
- Gutanga serevisi zo kohereza mu mashirahamwe akorera ubushake atanga serevisi zitandukanye ku barokotse; na
- Gufasha uburyo bwo kubona Uburongozi bujejwe ubudandaji butoya muri Amerika kugirango babone ubufasha bw’ingurane na serevisi z’abakiriya.
Ibigo bikora ibintu vyinshi (MARCs):
Ikigo gikora ibintu vyinshi (MARC) ni amashirahamwe ya Reta n’ay’abikorera utwabo yihurije ahantu hamwe kugira afashe abahuye n’ibiza. Ibigo bikora vyinshi birafashanya.
Aho ibigo bikorera n’amasaha y’akazi murashobora kubiraba kuri: https://vem.vermont.gov/flood/marc
Ikigo kijejwe gutanga imfashanyo y’abarokotse ibiza (DSA):
Abakozi b’umurwi DSA baratemberera mu duce abantu babamwo muri Vermont, baganira n’abantu kandi banafasha abo ivyabo vyononwe n’igihuhusi kurungika gusaba ubufasha.
Abakozi b’umurwi DSA baratemberera imiryango, amashure, amashirahamwe adaharanira inyungu hamwe n’imiryango itagira amikoro. Barabonana kandi n’abarongoye uburere hamwe n’abarongoye imiryango kugira bamenye ibibazo bijanye n’ibiza hamwe n’ivyankenerwa bindi bitarashikirwa.
Imirwi ya DSA irashobora gufasha abarokotse kwiyandikisha m’ubufasha,gushira ku gihe ibiberekeye no gufasha bisunze ibigo bindi vy’abagiraneza. Barashobora gutanga amahirwe ku basangwa gukoresha terefone nyabwonko mu kwiyandikisha canke kwitanga mu kwinjiza ibiberekeye ku bwabo. Abakozi ba DSA ntibazigera basaba cnke ngo bemere amafaranga.Abakozi ba DSA Bambara ibaje y’Ishirahamwe FEMA iriko ifoto.
Uburongozi bw’ubudandaji butoya muri Amerika (SBA):
Uburongozi SBA bwarafunguye ibigo bijejwe gufasha mubijanye n’ubudandaji (BRCs) mu micungararo itatu kugira ngo bafashe ba nyene amazu, abapanga, ubudandaji bw'ubwoko bwose ndetse n'amashirahamwe adaharanira inyungu bakeneye ubufasha bwo gusaba ingurane ya SBA y'ikiringo kirekire, isaba inyungu nkeya:
- Washington County: 751 Granger Road Berlin, Vermont 05641
- Windsor County: 126 Main Street Ludlow, Vermont 05149
- Lamoille County: 29 Sunset Drive, Morrisville, VT 05661
Kuraba ahantu n’amasaha y’akazi ja kuri : https://www.sba.gov/article/2023/07/17/sba-offers-disaster-assistance-businesses-residents-vermont-affected-recent-severe-storms-flooding
Niwoba uba mu micungararo utaganewe ubufasha kandi ufise ivyononekaye, urashobora kwakura kuri nomero y'ubufasha y'Ishirahamwe FEMA kuri 1-800-621-3362 mu gusaba ubufasha kandi igihe umucungararo utuyemwo ushizwe mu yemerewe ubufasha, gusaba kwawe kuzotangura gutunganirizwa.
Kuraba amakuru agezweho raba fema.gov/disaster/4720. Kurikira urukuta rwa twitter rwa FEMA Region 1 kuri twitter.com/FEMARegion1, canke paji ya Facebook kuri facebook.com/FEMA .
Kuraba amakuru agezweho y’Ikigo gishinzwe gucunga Ibiza cya Vermont ja kuri Twitter kuri twitter.com/ vemt no kuri Facebook kuri facebook.com/vermontemergencymanagement.
FEMA yiyemeza guharanira ko ubufasha bw'abahuye n'ibiza bukorwa neza nta vangura rishingiye ku bwoko, ibara ry'urukoba, ubwenegihugu, igitsina, imyaka, ubumuga, ubumenyi bw'Icongereza, canke ingano y'ubukungu. Umuntu wese yarokotse ibiza canke umunyagihugu ashobora guhamagara Urwego rw’ikigo FEMA rujejwe uburenganzira bwa muntu iyo yumva ko yakorewe ivangura. Urwego rw’Ishirahamwe FEMA rujejwe uburenganzira bw’ikiremwa muntu rushobora guhamagarwa kuri telefone itishurwa kuri 833-285-7448. Abakira abantu mu ndimi nyinshi barahari.