Imfashanyo y’umuntu ku giti ciwe n’imfashanyo rusangi

Release Date:
July 31, 2023

Ikigo ca FEMA kirashobora gutanga ubwoko bubiri bw’imfashanyo inyuma y’itangazo ry’umukuru w’igihugu rijanye n’ibiza. Imfashanyo k’umuntu ku giti ciwe n’imfashanyo ya rusangi. Imigambi yompi itegwa inkunga yigenga kuri buri umwe umwe kandi igambiriye kugirira akamaro abantu ku giti cabo n’abanyagihugu muri rusangi mu buryo butandukanye.

Imfashanyo y’umuntu ku giti ciwe 

Imfashanyo y’umuntu ku giti ciwe (IA) igirira vuba inyungu abarokotse kugirango  hafashwe abafise ibintu nkerwa bibasaba gutanga amahera n’ivyo bakenera cane bifise canke bidafise ubwishingizi. Imfashanyo igambiriye gutuma urugo rusubira kubba ahantu hafise umutekano, hafise isuku kandi hakoreshwa n’abahaba. Menya neza ko, imfashanyo ya Reta ntizishobora gukora bimwe n’ibikorwa n’inyungu zivuye ahandi, nk’ubwishingizi, kandi ntizishobora kwishurira ibihombo vyose vyatewe n’ikiza.

Biciye mu mugambi w’mfashanyo y’umuntu ku giti ciwe, Ikigo FEMA kiratanga ubwoko bw’imfashanyo butandukanye bw’amahera n’imfashanyo y’abantu ku igiti cabo n’imiryango bakwije ibisabwa. Izi zirashobora kubamwo, ariko ntizigarukira gusa ku: 

  • Imfashanyo y’inzu
    • Imfashanyo yo gupanga iyindi nzu mugihe uwusaba akuwe mu vyiwe kubera kwononera kw’aho aba kwatewe n’ikiza. Imfashanyo yo gupanga, irashobora gukoreshwa mu gupanga inzu, igorofa, inzu yakozwe, imodoka yo kwidagadura, n’iyind inzu yubatswe mu buryo bwihuta.
    • Kwishurirwa uburaro bwa hoteli, moteli canke n’ubundi buraro bw’igihe gito mu gihe uwusaba yakuwe mu vyiwe n’ibiza vyononye ahantu yaba.
    • Imfashanyo yo gusanura inzu ifasha nyene yo gusubira kuyibamwo, mu buryo bwo kumushira ahatekanye kandi hasukuye.
    • Imfashanyo yo guhindurirwa mugufasha ben’amazu guhindurirwa ivyononywe n’ibiza.
  • Izindi mfashanyo zikenewe(ONA): 
    • Imfashanyo yindi y’Ikigo FEMA itanga uburyo bw’amafaranga ku bintu vyangiritse vy’umuntu ku igiti ciwe bidafise ubwishingizi n’ibifise ubwishingizi, amahera yishuwe mu buvuzi n’ubuvuzi bw’amenyo bijanye n’ibiza canke ibindi bintu bikaze vyatwaye amahera kubera ibiza. Ubwoko bumwe bumwe bw’imfashanyo muri urwo rwego burashobora gutangwa gusa mu gihe abarokotse bagenewe canke badakwije ibisabwa ngo bahabwe ingurane y’ibiza itangwa n’Uburongozi bw’ubudandaji buto buto  muri Amerika (SBA).

Indi migambi irimwo ubuhanuzi bujanye n’ibiza, serevisi zijanye n’amategeko y’ibiza n’imfashanyo igenewe ababuze imirimo kubera ibiza  nayoo nyene irashobora kuboneka. Menya vyinshi ku bijanye n’imfashanyo y’Ikigo FEMA igenewe umuntu ku giti ciwe uciye ngaha fema.gov/assistance/individual.

Imfashanyo rusangi 

Imfashanyo rusangi y’ikigo FEMA (PA) Iyo nteguro iratanga imfashanyo y'inyongera ku ntwaro z'igihugu, iz'intara n'iz'uturere, hamwe n'ubwoko bumwe bw'abantu badafise inyungu, kugira ngo abanyagihugu bashobore guhangana canke kuva mu ngaruka z'ibiza bikomeye canke ibihe bidasanzwe.

Inyuma y'ibihuhusi, igihuhusi ca hurricane na tornado, nyamugigima canke gusha kw’amashamba, abanyagihugu barakeneye gufashwa mu kwisuganya amahera yo gukuramwo ibicafu, ingingo zihutirwa zo gukingira ubuzima hamwe no kugarura ibikorwa rusangi.

Ishirahamwe FEMA rihamagarira kandi gukingira izo nyubakwa zononekaye mu gihe c'isanganya rizoza mu ntumbero yo kuronswa imfashanyo y’ingingo zo gukinga ibiza mu gihe co kwisuganya.

  • Mu bisanzwe amafaranga ya Reta iyaronka hakoreshejwe uburyo bwo kugabana 75% vy’amafaranga buri reta itanga  n'amafaranga adatangwa n’ama Reta (gushika kuri 25%) agaburwa mu basavye bakwije ibisabwa (i.e abakwije ibisabwa basavye). Rimwe na rimwe, ibiciro vy'amafaranga ya reta bishobora kwongerezwa.
  • Biciye mu nteguro y’imfashanyo rusangi (PA), Ikigo FEMA kiratanga imfashanyo y'ubwoko bubiri:
    • Kiratanga imfashanyo igenewe ibikorwa vyihutirwa vyo kwikingira no gukuramwo imicafu (akazi kihuta cane)
    • Kiratanga imfashanyo y'amafaranga yo gusubiza mu buryo burama inyubakwa zononekaye, nk'amabarabara, imihana, ibiraro, ibintu bifise akamaro kenshi, inyubakwa rusangi n'amahinguriro mu bibanza vyagenewe, harimwo kugabanya ivyago vy’ibiza mu ntumbero yo gukingira izo nyubakwa ko zononekara mu gihe ca kazoza (Akazi gahoraho).
  • Hari aho usanga amafaranga yakoreshejwe mu bikorwa vy’uburongozi.
  • Although funds are awarded to government entities and certain private nonprofits, the Public Assistance program is intended to benefit everyone — neighborhoods, cities, counties and states. N'aho amafaranga atangwa n'amashirahamwe ya Reta hamwe n'amashirahamwe amwe amwe yigenga kandi adaharanira inyungu, imfashanyo rusangi igenewe gufasha abanyagihugu bose, ababanyi, ibisagara, intara na za Reta.

Menya vyinshi kuri vyerekeye imfashanyo rusangi y’ikigo FEMA uciye kuri fema.gov/assistance/public.

Tags:
Last updated